ITANGAZO RYO GUSOZERA INAMA Y’ABEPISKOPI GATOLIKA B’I BURUNDI YO MURI RUHESHI 2021

  1. Kuva kw’igenekerezo rya mbere gushika ku rya kane ruheshi 2021, Abepiskopi b’Ekleziya Gatolika y’ i Burundi, barakoraniye hamwe mu nama yabo isanzwe y’ukwezi kwa ruheshi. Iyo nama yabereye mw’iseminari Nkuru y’i Gitega yitiriwe umwerandaYohani Paulo wa II.

  2. Igisabisho giheze, Umukuru w’Inama y’Abepiskopi yaciye ashikiriza ijambo ryo kwugurura ibikorwa vy’Inama mu kwibutsa ko itanguye ku musi muri Ekleziya twibuka Yustino Mweranda, umumaratiri yemeye guheba ubuzima bwiwe aho guhemukira ukwemera kw’Ekleziya Gatolika. Yibukije kandi ko Inkuru Nziza y’uwo musi itubwira iti « Ivya Sezari nimubihe Sezari, ivy’Imana na vyo mubihe Imana » (Mc 12, 17).

  3. Ijambo ryo kwugurura ibikorwa vy’iyo nama riheze, Abepiskopi baciye babanza guhanahana amakuru yerekeye ubuzima n’ubutumwa mu ma Diyoseze bashinzwe.
  • Ariko imbere yuko batangura guhana ayo makuru, Umushingwabikorwa wʹimfatakibanza ku Kirimba cʹIntumwa ya Papa i Burundi, yarabamenyesheje amakuru amwʹamwe araba ubuzima bwʹEkleziya yo kwʹisi yose. Yamenyesheje ko Papa aherutse kwinjiza Ekleziya yose mu rugendo rw’Inama y’umuryango w’Abepiskopi izoba ishingiye ku ntumbero yo gufatanya urugendo (Synodalité). Yibukije kandi ko Papa aheruka gushinga ubutumwa bw’abamenyeshamana nk’ibanga muri Ekleziya. Yaboneyeho kumenyesha ko mu misi iza hagiye gushirwa ahabona ibishasha mu mategeko mpanavyaha.
  • Mu makuru yerekeye amadiyoseze yabo, Abepiskopi bose barakengurukiye Imana ku vyiza ibandanya kurangura muri Ekleziya yacu bafatiye ku buryo abakristu biteguriye neza Pasika, bakayihimbaza ari benshi mu kanyamuneza ntangere hamwe n’ingene biteguriye umunsi mukuru w’umuzo wa Mutima Mweranda ku Batumwa mu kugira igisabisho c’iminsi icenda, tutibagiye n’ubwinshi bw’abakristu bariko bararonka isakramentu ry’ugukomezwa muri Mutima Mweranda. Baranashikirije akanyamuneza bafise bafatiye ku minsi mikuru bimirije yo gutanga ubusaserdoti, y’indagano z’abihebeye Imana hamwe n’amayubile y’amaparuwasi amwe amwe.
  • Muri iyo nama kandi Abepiskopi baboneyeho akanya ko gukeza Nyen’icubahiro Umwepiskopi Mukuru wa Diyoseze Nkuru ya Gitega Musenyeri Simoni NTAMWANA yarumije imyaka 75 y’amavuka kw’igenekerezo rya 3/06/2021. Barongeye barakirana akanyamuneza Umwepiskopi wa Diyoseze ya Bururi Musenyeri Salvator NICITERETSE yashoboye kuza mu nama inyuma y’aho agiriye isanganya.
  • Ku bijanye n’ubuzima bw’igihugu, Abepiskopi barashikirije ko bahagaritswe umutima n’ubwicanyi bwagiye buraba muri iyi minsi iheze mu gisagara ca bujumbura, muri Muramvya, muri komine Rusaka n’ahandi. Barasabira abo bose bahitanywe n’ubwo bwicanyi kandi barahojeje n’imiryango yabuze. Barateye akamo abarongoye intwaro ngo babandanye kubungabunga umutekano no gukomeza amahoro mu gihugu.
  • Abepiskopi barababajwe cane n’imyuzurira y’amazi yateye ahatari hake mu gihugu, abantu benshi bagata izabo cane cane mu kiyaya c’Imbo, ahandi n’aho amabarabara n’ibiraro bigatwarwa, bikabuza uruja n’uruza rw’abantu n’ibintu.
  • Abungere b’Ekleziya Gatolika bararajwe ishinga kandi n’ikiza c’indwara ya KORONA Virusi gisa nk’icakwiye mu gihugu cose. Babandanya bahimiriza abakristu gukurikiza amategeko yo kwikingira no kutanduza hamwe no gusenga kugirango Imana ikize isi ico kiza.
  • Abepiskopi barashikirije amakenga bafise ajanye n’ingene hamwehamwe abahungutse batakirwa neza, bamwebamwe bagaturubikwa n’abobakiriye mu kibano.
  • Mu vyerekeye ubutunzi bw’igihugu, abepiskopi barashima ko umwimbu w’ibiharage usa n’uwuzogenda neza n’aho imvura itagumye igwira igihe. Ariko baratewe amakenga n’ubukene bw’isukari n’isima.
  1. Bahejeje guhanahana amakuru, Abepiskopi baciye bihweza kimwe kimwe mu vyari bitegekanijwe. Bahereye kwihweza integuro y’indinganizo y’indero n’ivyigwa mu maseminari bakurikije intumbero umuvyeyi wacu Papa Fransisko yatanze mw’ibwirizwa « Akanyamuneza k’ukuri » (Veritatis Gaudium). Babanje kwihweza ingene mu maseminari makuru botandukanya ivyerekeye ivyigwa n’ivyerekeye ukwitegurira ibanga ry’ubusaserdoti. Mu gihe ivyo bitandukanye, ntakizobuza ko abakristu balayike baza kwiga ivyigwa vya « Filozofiya » na « Teolojiya » kandi bakaronka impapuro z’umutsindo. Iyo ntumbero barayishimye baca bashinga umugwi w’ukwiga mw’ido n’ido ingene vyoja mu ngiro. Bamaze gusubiramwo integuro y’indinganizo y’indero n’ivyigwa mu maseminari nkuko vyari vyasabwe n’ibiro bishinzwe indero n’ibishinzwe abasaserdoti baciye bashima ko vyorungikwa i Roma ngo vyemezwe n’ivyo biro.

  2. Ivyo biheze, baciye batandukira ikibazo cerekeye ibitunga abasaserdoti mu buzima bwa minsi yose. Bamaze guhanahana ivyiyumviro, basanze ico kibazo gifise imice ibiri. Ubwa mbere hariho ivyo abasaserdoti basangira mu buzima, haba mu mubano canke mu butumwa. Ubugira kabiri hakaba ibintu ngombwa umusaserdoti akenera ku giti ciwe. Ivyo vyose bizokenerwa kwigwa no kunonosorwa gushika haboneke vuba inyishu zishimishije. Baciye baboneraho akanya ko kwibutsa abasaserdoti kwigana Kristu yitanze wese ataco yisigarije kugira abantu bose baronke ubuzima kandi ubuzima bwuzuye. Ntibibagiye kandi kubasaba ko bogira umwitwarariko wo gutunganya neza amatungo ya paruwase mu gukurikiza neza ingingo za Diyoseze n’Ekleziya yose muri ico gisata.
  1. Ivyo biheze, Inama y’Abepiskopi Gatolika b’ i Burundi yarihweje ingene inzego z’ubutungane muri Ekleziya i Burundi  zokora, kuva aho Icicaro ca Papa giherutse gusohora ingingo yemeza ishingwa rya Sentare mpuzamadiyoseze ya Bujumbura. Bamaze guca hirya no hino ico kibazo, basanze bizogenda uku gukurikira.
  • Abebiskopi bashinze Sentare z’Ekleziya zibiri: Sentare mpuzamadiyoseze y’i Gitega na Sentare mpuzamadiyoseze y’i Bujumbura. Imwe yose ni sentare y’intango ishinzwe kuburanisha imanza zose zivuye mu madiyoseze asangiye Intara y’Ekleziya: imanza z’amatati harimwo iz’abibaza ko ubugeni bwabo bwabaye impfagusa hamwe n’imanza z’ivyaha. Ikindi kandi ni uko Sentare imwe yose muri izo ari sentare y’iyungururizo y’iyindi.
  • Ikindi naco, nk’uko amategeko y’Ekleziya abitegekanya, ku biraba imanza z’ugutunganiriza abakristu bibaza ko ubugeni bwabo bwabaye impfagusa, Umwepiskopi wese agumana uburenganzira bwo gushinga sentare yiwe ya Diyoseze yerekeye bene izo manza.
  • Ivyo vyose bimaze gutomorwa, Abepiskopi barabonye ko ari ngombwa ko hategekanywa ibisabwa vyose kugira ngo izo sentare zitangure gukora hisunzwe amategeko y’Ekleziya, maze abakristu batunganirizwe.
  1. Abepiskopi basozereye inama yabo bavugana utuntu nʹutundi twerekeye ubuzima nʹubutumwa bwʹEkleziya.

 

Bigiriwe i Gitega  ku wa 4 Ruheshi 2021. Kubw’Inama y’Abepiskopi Gatolika b’i Burundi.

Musenyeri Bonaventure NAHIMANA, Umwepiskopi wa Rutana,

Icegera c’Umukuru w’Inama y’Abepiskopi Gatolika b’i Burundi.