UMUNSI MUKURU WA PENTEKOTI MURI PARUWASI KIGWENA
Ku munsi w’Imana igenerekerezo rya 19 rusama 2024, ku musi Mukuru wa pentekoti, Nyakubahwa Musenyeri Léonidas NITEREKA, icariho gikuru c’umwungere wa Diyosezi ya BURURI, yarahereje inkuka ya misa muri Paruwase ya Kigwena.
Mu nyishisho yatanze, yarashimikiye cane kubijanye n’umunsi Mukuru wa Pentekoti. Ni muri iyo ntumbero yagarutse ku majambo Yezu yabwiye abagishwa biwe agira ati: “Ni mugire Amahoro. Kumwe Data yantuma naje niko ndabatumye. Gende mwigishe Inkuru nziza mukwire isi yose”. Ayo majambo yarayashimikiyeko muguha impanuro yaterekereye cane cane abaronse isakramentu ryo gukomezwa muri Mutima Mweranda; abakomejwe bangana n’igitigiri c’abantu imirongo ine (40); ahanini bari imisore n’abigeme.
Twobamenyesha ko muri iyo nkuka ya misa nyene hanatazwemwo isakramentu ryo kwubaka rukristu k’urungo rumwe(1). Mu gukegurukira Imana abari mu mihari n’imigwi baratanze akanzo ko kuganira mu mihari n’imigwi mu butumwa ku rwego rwa Diyoseze na Paruwasi.
Alexis HAMENYIMANA