MURI PARUWASE NYABIRABA, DIYOSEZE NKURU YA GITEGA, ABASASERDOTI BARAYE BATIWE !

MURI PARUWASE NYABIRABA, DIYOSEZE NKURU YA GITEGA, ABASASERDOTI BARAYE BATIWE !

« Ni je nabatoye ndabashinga kugenda ngo mwame icamwa kandi icamwa gihoraho » (Yohani 15, 16). Ico nico civugo cayoboye integuro n’itangwa vy’ubusaserdoti muri uno mwaka muri Diyoseze nkuru ya Gitega. Kari akanyamuneza ntangere kuri uyu wa 3/7/2021 muri Paruwase Nyabiraba iri  mu ntara y’ubutumwa ya Gishubi, aho hatirwa abadiyakoni n’abasaserdoti, hagatangwa n’ibice bigana iryo banga. Inkuka ya Misa yaherejwe na Nyenicubahiro Musenyeri Simoni NTAMWANA, Umwepiskopi mukuru wa Diyoseze nkuru ya Gitega ahagatiwe n’isinzi ry’abasaserdoti n’ishengero ry’abakristu.

Ibirori vyatangujwe n’urugendo rwagana ikibanza cabereyemwo Inkuka ya Misa ku kibuga c’umupira w’amaguru. Urwo rugendo rukaba rwatanguye  igihe c’isaha 9h30. Imisore 10 niyo yatiwe mw’ibanga ry’ubudiyakoni, 9 nayo mury’ubusaserdoti; 24 yindi yahawe igice c’ubusomyi bw’Ijambo ry’Imana,  15 nayo ironka igice c’ubukorezi. Akanyamuneza karagaragara ku maso y’abari bitavye urwo rubanza rudasanzwe canecane ku bakristu ba Paruwase Nyabiraba aho bari basidukanye n’iyonka kwirabira ivyo vyiza narirya hari haciye imyaka 20 yose ivyo birori bitahabereye.

Mu nyigisho yiwe, umwungere mukuru wa Diyoseze nkuru ya Gitega  yatumiriye abagira baterwe iteka, guhekana urukundo n’akanyamuneza umutwaro wa Ekleziya-Muryango. Yarashimiye abakristu bakukira Diyoseze nkuru ya Gitega, anabakeza kuko bariko barakura mw’ibanga, mbere bakagabira ibibondo vyabo Imana kugirango ibigire abatumwa. Yaranashimiye kandi abakristu ba Paruwase Nyabiraba ku kuntu bikokoye bagashariza uwo musi, mbere agirako awugereranya n’umusi Yezu Kristu yinjira icese i Nyeruzaremu afatiye ku mitamana basasiye Yezu nk’uko aba Nyabiraba bari basasiye abaje kw’izina ry’Umukama, baje muri urwo rubanza.

Yerekeye abagira batirwe yagize ati : « Tubagabiwe n’Imana kugira ngo mutwihebere rwose. Murame muhanze amaso Kristu n’umutima ukenguruka kuko yabasangije ivyiza bihimbaye : kwihebera abantu. Ntakwihebera inzahabu canke amafaranga kuko bitagusubiriza mu ndumane, ariko mu gihe wihebeye umuntu araheza akagusubiriza mu ndumane ».  Yarabatumiriye kunonokera iryo banga kugeza naho bihebera abandi kandi banegeranye abashwiragiye. Yabandanije agira ati iyo habuze ukwiheberanira, abantu bacika ba nshingabihenuka, ba mpinga yanje. Yaratumiriye abari aho bose kwijukira kwitunganiriza ubuzima n’ubutumwa bwa Diyoseze na Paruwase.

Abakiri ku ntambwe zindi nabo, yabipfurije gutambuka bashingura gushika aho bazoshikirira igihagararo ca Kristu. Ati ubusaserdoti-busuku nibwo bwubaka kandi bugasobanya Ekleziya. Ni Kristu apima ikibereye Ekleziya  yiwe, ashaka kimwe gisa : « Nimunkurikire nzobagira abarovyi b’abantu ». Umwe wese abwirizwa kuba urugingo rw’umubiri wa Kristu. « Musaserdoti we uri umuvyeyi n’umurezi, uri umwigisha, uri umuganga yama yiwararika amagara y’Ekleziya, uri umuvyeyi yama agaburira abagize Ekleziya, ni wewe mworozi n’umwungere yama arikanuye ngo iyo aragiye ntitakare canke ngo itahe i muhira itarishije bikwiye… ».

Uwaserukiye abasaserdoti bashasha yaragaragaje akanyamuneza afise, aho mbere yanashimiye abo bose bagize ico baterera kugira ngo we n’abagenziwe bashobore gushika kuri iyo ntambwe ; yemeye kandi ko bazokora batiziganya kugira ngo basasagaze Ubwami bw’Imana mu bantu. Yongeyeko ko muvyo bazokora harimwo kwigisha, gutagatifuza igihugu c’Imana, no kuyobora abantu babajana mw’ijuru. Ati : « Turikumwe n’Umukama tuzobishobora kandi turavyishinze ». Barasavye abari aho ko bokwama babasabira kugira baberwe n’iryo banga.

Twobamenyesha ko ivyo birori vyari vyatewe iteka na benivyubahiro batandukanye harimwo uwahoze arongoye igihugu c’Uburundi Perezida Silivesteri NTIBANTUNGANYA asanzwe ari n’imvukira y’iyo Paruwase, abashingamateka batari bake n’abandi. Inkuka ya Misa irangiye baciye bafata urugendo bagana ikibanza c’agatutu, ahaciye habandaniriza akanyamuneza k’uyo musi, hakanavugirwa n’amajambo atari make. Turipfurije abo batumwa bashasha kunonokerwa muri ayo mabanga, Umukama abaje imbere !

 

Patiri Vianney Nshimirimana