NI DUSHINGIRE INTAHE UKWEMERA KWACU DUHARANIRE UMUBANO MWIZA NABO TUDASANGIYE UKWEMERA.



Iyo ni inyigisho yashikirijwe na Patiri Hirari Bigirumwami, Patiri mukuru wa paruwase ya Masanganzira. Muri iyi nyigisho, patiri yaribukije ko tugire turangize umwaka w’ubutumwa aho Umwungere wacu yari yadusavye kuba ibivumbiko vy’amahoro. None rero ko dusanzwe tuzi neza ko sekibi atipfuza amahoro, duhamagariwe kuyateramira. Mu bihugu bimwe bimwe hari abakristu b’abakatorika babuze amahoro kubera ukwemera kwabo aho hari n’amasengero aturigwa nabo badasangiye ukwemera.

Aha iwacu mu Burundi hariho amadini n’amashengero arenga 600. Twebwe abakatorika turemera ko hari Ekleziya imwe y’i Roma irongowe na papa; ko inyuma y’ikonsekarasiyo Yezu aguma ari muzima mu mukate n’umuvinyu kandi twemera ko Bikira Mariya yurijwe mw’ijuru umutima n’umubiri. Ivyo rero bigashobora gutuma hagati yacu n’ayandi mashengero haba ukutumvikana. Ariko rero, duhamagariwe kugira umubano mwiza (Mt 5, 9). Ivyo vyose tukabikora tudatirimutse ku kwemera kwacu.

Muri iryo rwirirana ry’amashengero turabona ko ritera amakenga abantu, n’ugucanamwo bagacanamwo canke bakinubana. Mu mwaka w’i 1024 harabaye ukwigabura kw’abakristu nk’uko tubisanga mu gatabo kitwa (Imana ni imwe ariko abayisenga bakaba kwinshi, urup.2-3). No mu bihe vyakurikiye harabaye ivyatuma amadini n’amashengero batumvikana. Ivyo turabisanga no mu gihe ca Yezu abayuda n’abanyasamariya ntibacana uwaka kubera ukwemera kwabo.

 

Ariko rero patiri yabwiye urwaruka ati: “Ntitukinube idini canke ishengero iryar’iryo ryose harigihe twosanga turiko turagwanya Imana”. Imana ni imwe ariko tukayisenga kwinshi no mu buryo bwinshi. No mubasangiye idini hari igihe tutayisenga kumwe. Imana yaturemye mu gashusho kayo, iduha n’ingabirano zitandukanye arico gituma tutayisenga kumwe. Nkako, hari abashira imbere Ijambo ry’Imana, hari abashira imbere ukuyoborwa na Mutima Mweranda, hari abashira imbere amasakramentu, n’ibindi. Muri ubwo butandukane rero aho kutubera intambamyi, vyotubereye itunga. Igwirirana ry’amadini rirashobora kutubera imfashanyo. Mu buzima naho yoba umukeba arashobora kutwigisha.

TUBANE NEZA NABO TUDASANGIYE UKWEMERA

Ibwirizwa rirengeye ayandi yose twahawe ni iryo gukunda (Yoh. 15, 12-17). Yezu adusaba gukunda tudacagura, tugakunda bose gushika naho dukunda n’abansi bacu. Ntawushobora kuvuga ngo arakunda Imana adakunda mugenziwe. Yezu ati ese bose boba umwe (Yohani 17, 11-21).

Turahamagariwe kubana neza n’abo tudasangiye ukwemera atakwinubana (Yohani 15, 21-28 canke Mariko 7, 24-30). Kenshi ibituma abantu batumvikana n’uko umwe wese ashaka ko abandi bagendera ku vyiyumviro vyiwe gusa. Ariko rero muri uko kurondera amahoro n’ukugira ubumwe n’abandi ivyo tukabigira tutabanje kwihakana ico turi nico twemera. Nico gituma dutegerezwa kumenya ico twemera. Ukwemera kwacu tugusanga muri za ngingo nkuru nkuru z’ukwemera kwacu. Nkako, Ukwemera kwacu gushingiye ku bintu 4: Ukuri, Urukundo, Ubumwe n’Ubweranda.

TWIRINDE AMADINI N’AMASHENGERO Y’IBINYOMA.

Patiri Hirari ati: “Hariho amadini canke amashengero twokwitondera kuko ashobora gutera ingorane abantu. Beneyo baza biyambitse urusato rw’intama ariko ari amabingira, ari intumwa za shetani. Duhamagariwe rero kugaba ntiduhave dukurikira bene abo bantu”. Yezu ati: “hari abazoza biyitirira izina ryanje (Mat. 23, 23-25).

Ivyo babiduhanura bafatiye ku bintu bimwe bimwe: amadini amwe amwe yigisha ibiteye kubiri nineza yumuntu; amadini yemerera abantu kubaha abagabo canke abagore beza; amadini abuza abayoboke bayo gufungura ibintu bimwe bimwe; amadini atumirira abayoboke bayo kutaja kwa muganga iyo bagwaye bizigire Imana gusa; amadini abuza abayo gukora ngo umuhero w’isi washitse. Amadini bene ayo dutumiriwe kuyirinda kuko ivyo vyose biza bidutesha ukwemera kwacu.

UMUKRISTU W’UMUKATORIKA AHAMAGARIWE KUGIRA INYIFATO IYIHE?

Ubwa mbere twumvise ko yose tutoyinuba kuko hariho ayaza adufasha gutahura bimwe bimwe mu buzima bw’ukwemera. Duhamagariwe kandi kumenya gukenguza n’ukwibaza, ngo twirinde kujana nyabahururu. Turatumiriwe kandi kunogerereza ukwemera kwacu mu nyigisho mperekeza kwemera, mukwama twihereza Ijambo ry’Imana. Urwaruka, rwokwitwararika guhanuza (gutora umuvyeyi w’umutima aguherekeza).
Iyo nyigisho yafashije benshi ufatiye kubibazo urwaruka rwabajije. Biraboneka ko bipfuza kubana neza n’abandi ngo batsimbataze amahoro n’ugusubiza hamwe.

Barutazaro Barutwanayo
Umumenyeshamakuru muri iryo hwaniro.