ABA LEGIO MARIA BARISHIKANYE KURI BIKIRA MARIYA

ABA LEGIO MARIA BARISHIKANYE KURI BIKIRA MARIYA

Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 25 ntwarante 2023, muri Paruwasi KAYOGORO, niho aba Legio Maria bishikana ku Muvyeyi wacu Bikira Mariya. Ivyo birori bikaba vyabereye mu Nkuka ya Misa yaherejwe na patiri Edouard ICISHATSE mwibutsamana w’imihari n’imigwi y’ubutumwa muriyo Paruwasi.

Mu nsiguro yiwe, patiri yishimikije ibisomwa vyeranda vy'umusi mukuru w'Iburwa ry'umukama wacu Yezu Kristu. Yaribukije abakristu ko icaranze umuvyeyi Bikira Mariya ko ari uguca bugufi mukwakiriza yompi ishaka ry'Imana naho ivyo umumarayika yari amubwiye atabitahura uko bizoranguka. Yaciye asaba abakristu kumwigana mukwama bishura « Ego » nka Bikira Mariya no mu kwemera ko hokwama haranguka ishaka ry'Imana. Haciye hakurikira ukwishikana kw'aba Legio  ku Muvyeyi Bikira Mariya.

Hatanguye kwishikana Abihebeyimana bari mu Ncoreke za Bikira Mariya, hakurikira abandi ba Legio Maria. Bavuga bati: « Muvyeyi wanje ndi uwawe bwite n'ivyo mfise vyose ni ivyawe, Mugabekazi wanje ». Imisa irangiye ibirori vyabandanirije mu nzu y'amanama ya Paruwase yitiriwe Yozefu Mweranda, ahavugiwe amajambo nyamukuru y'uwo musi; ninaho basangiriye akarahuri.

Mu majambo yahavugiwe, Incoreke ya Bikira Mariya, umubikira arongoye aba Legio Maria muri iyo Paruwase, yaribukije ico ari co « Acies », yamenyesheje ko ari ikoraniro ry'aba Legio Maria riba rimwe mu mwaka, kakaba akaryo ko kwirimbura ku bikorwa biba vyarakozwe, gusaba imbabazi no gusaba inema zo gukora neza mu mwaka baba binjiyemwo. Yaribukije kandi ko uwo musi wama uhimbazwa kw'igenekerezo rya 25 ntwarante, ku musi mukuru w'Iburwa ry'Umukama wacu Yezu Kristu.

Abari batumiwe barakeje aba Legio k'uwo musi mukuru wa « Acies », barashima n'insiguro n'intumbero yawo. Umusaserdoti Mwibutsamana w'imihari n'imigwi y'ubutumwa, kw'izina ryiwe no kw'izina rya patiri mukuru wa Paruwase nawe nyene yarakeje cane aba Legio anabashimira kandi ku butumwa barangura muri Paruwase. Yaranabasavye ko bobandanya batera imbere ku mutima no ku mubiri, bakama bishikana kuri Yezu Kristu baciye ku Muvyeyi Bikira Mariya.

Twobamenyesha ko Abagenzi ba Ludoviko w'i Montfort n'Inyegu za Bikira Mariya batari batanzwe kuza gushigikira abo ba Legio bari baramutse bahimbaza umusi Mukuru wa « Acies ». Abo bose rero bakaba basangiye umuvunyi wabo Mariya Ludoviko w'i Montfort. Ibirori vyarangiye Mu kanyamuneza ntangere.

Anicet Nininahazwe