UMURWI W’AMAHORO WA CHIRO WARAGENDEYE PARUWASI YA MUHWEZA
Kuri uyu wa 12 rusama 2024, umugwi w’amahoro wa Chiro waragendeye aba Chiro bo muri Paruwasi ya Muhweza yitiriwe umweranda Savino. Baje baherekejwe n’umwibutsamana w’imihari n’imirwi y’ubutumwa gatolika ku rwego rwa Diyoseze Rutana nyakubahwa Patiri Joseph Guillaume NDUHIRUBUSA, akaba asanzwe yakuriye mu muhari wa Chiro.
Inkuka ya misa yarongowe n’uwo musaserdoti akaba yakiriwe na Patiri Juvent NCUTINAMAGARA, aho uyu yabanje guha ikaze abo bashitsi baba Chiro, bari baje bava mu ma Paruwase atandukanye ya Diyoseze katolika ya Rutana: Kivoga, Rutovu, Gitanga na Muhweza.
Uruhara rw’urukundo rw’Imana ni ryo jambo yashimikiyeko mu nsiguro y ijambo ry’Imana. Ko twogendera urukundo kuko arirwo rutugira abana b’Imana. Urwo rukundo tweretswe n’Imana ubwa mbere aho yatugabira ubuzima mu nda y’abavyeyi bacu, ikanarusasagaza mu gushishikara itubungabunga ku musi ku musi, ikadukingira, idushakira ineza kugira dutere imbere.
Yagize ati: “Mugushika kw’isonga ry’urwo rukundo Yezu Kristu yashikirije igisabisho Mana Data amwereka kandi amusaba ko twebwe nk’abamumenye ko turindiriye gusangira ubuninahazwa na WE”. Yabandanije atanga impanuro ku bakristu, ku bari mu mihari n’imirwi y’ubutumwa gatolika ko bategerezwa gutegera cane urukundo rw’Imana rukabonekera cane cane mu mwete w’ibikorwa ata gutanatanako ibikorwa mu kwisunga urukundo rw’Imana rwo rudacagura. Yasozereye yerekana uruhara rw’igisabisho hamwe no guhurumbira amasakaramentu kumu kristu uwariwe wese kuko.
Muri iyo nkuka ya misa no mu bihimbazo ku bisata bigize Paruwasi ya Muhweza hatanzwe ishikanwa ridasanzwe ryo kwunganira igisata ca Bigomogomo kugira kigure ikibanza cagutse co kwubakamwo ingoro y’Imana bakaba bahora basengera mw’isengero y’umubano. Imisa yasozereye ku Muhezagiro aho haciye haba urugendo rw’amahoro rurongowe n’aba Chiro n’isinzi ry’abakristu.
Aba Chiro barerekanye ibirori bitari bike mu bukerebutsi bwabo. Inyigisho zabo zabandanirije mu nzu y’amanama ya Paruwasi. Inyigisho zikaba zashimikiye ku kunagura umuhari be no kwakira bashasha.
Twobamenyesha ko banayaze no kuvyerekeye ivyamwa bikomoka ku murwi w’Amahoro ( Club de Paix ) mu gutegura amatati bidaciye mu ngimba, uwo murwi ukaba ugizwe n’abantu ijana (25 ku ntara yose y’ubutumwa ya Chiro); izo ntara zikaba ari Rutana, Musongati, Mpinga na Kayogoro. Inama nyigisho yabaye mu kanyamuneza ntangere ikaba yasozerewe n’umuhezagiro.
Jérôme MINANI