GIHARO: UGUHIMBAZA UMUNSI MUKURU MPUZAMAKUNGU WAHARIWE KUMENYESHA INKURU NZIZA

Ku musi w'Imana igenekerezo rya 22/10/2023, muri paruwase Giharo, Diyoseze Rutana, harahimbajwe umusi mukuru mpuzamakungu wahariwe kumenyesha Inkuru nziza. Inkuka ya Misa yarongowe na Nyakwubahwa Musenyeri Léonidas NTAKARUTIMANA, Umuyobozi w'Iseminari ntoya yo mu Mika akaba anashinzwe muri Diyosezi amashure yegukiye Ekleziya Gatolika. 

Yashikirije inyigisho  y'umuvyeyi wacu Papa. Yari ishimikiye ku ntambuko zitatu:

1- N'imitima yacu yari yuzuye urukundo igihe yadusigurira ivyanditse.ijambo ry'Imana riramurikira kandi rikanagura umutima w'ubutumwa.


2- Amaso yabo aruguruka, baramumenya amanyuye umukate.Yezu muri Ukaristiya ni we soko n'iherezo ry'ubutumwa.


3- Bafata Urugendo buzuye akanyamuneza ko kuyaga Kristu, isoko ryamaho ry'umuryango w'Ekleziya ugana abandi.

Mu kurangiza, Nyenubweranda Papa Fransisko yaragije Ekleziya umuvyeyi wacu Bikira Mariya. Kabaye n'akaryo keza k'ugutanga agashikanwa kahariwe ubutumwa bw'Ibikorwa vya Papa vyo gukwiza hose Inkuru nziza.

Abari mu muhari w'Abashoenstatt  baciye batanga amashikanwa yabo y'ukwezi kw'icenda.

Mwi'ijambo ryiwe ry'ugukenguruka, Musenyeri Léonidas NTAKARUTIMANA yashimiye cane abakristu ukuntu bitangira iseminari asanzwe arongoye  mu kuyunganira mu vyogufungura. Yaboneyeho no kubasaba kwama bayisabira kugirango iramurire Ekleziya n'igihugu.

Tubibutse ko Umusi mukuru nk'uwo wama uhimbazwa ku musi w'Imana ugira kane w'ukwezi kwa gitugutu buri mwaka. 

Adelin BUSAGO