MURI DIYOSEZE KATOLIKA YA RUYIGI, UMWAKA MUSHASHA W’UBUTUMWA HAMWE NA PARUWASI NSHASHA YA MBURI VYARAYE VYUGURUWE!

MURI DIYOSEZE KATOLIKA YA RUYIGI, UMWAKA MUSHASHA W’UBUTUMWA HAMWE NA PARUWASI NSHASHA YA MBURI VYARAYE VYUGURUWE!

Kuri uyo wa gatandatu igenekerezo rya 23 Gitugutu 2021 muri Diyoseze ya Ruyigi harabaye ibirori vyo gushinga Paruwase nshasha ya Mburi yitiriwe Augustino Mweranda no kwugurura umwaka mushasha w'ubutumwa w'2021 ushira 2022. Ibirori nyezina vyatanguwe n'Inkuka ya Misa yaherejwe n'Umwungere wa Diyoseze  ya Ruyigi Nyenicubahiro Musenyeri Buraziyo Nzeyimana akaba kandi yari ashigikiwe na Musenyeri Yohakimu Ntahondereye Umwungere wa Diyoseze ya Muyinga asanzwe ari n'imvukira y'iyo Paruwase nshasha akaba yari yaje kwifadikanya nabo muri urwo rubanza.

Mu nsiguro y'Ijambo ry'Imana, Umwepiskopi yasavye abakristu bo mu karere gukomera mu kwemera, mu kwizigira no mu rukundo; begukire Yezu Kristu, mu bisata vyose baronke amasakramentu kenshi; ati : « Mu bikorwa vy'ubutumwa ntihagire uwigira sindabibazwa... ». Inyuma yo kuzirikana Ijambo ry'Imana, hakurikiye ukwugurura icese Umwaka w'ubutumwa mushasha. Aho rero, Umwungere akaba yarashikirije n'icivugo kizowuranga kivuga ngo : « Tumurikiwe n'Ijambo ry'Imana, turemeshe ikiyago, dukomeze urukundo soko ry'akanyamuneza mu ngo zacu ».

Inyuma y'ivyo, habandanije imigirwa yo kurahiza Patiri mukuru mushasha wa mbere wa Paruwase Mburi akaba ari Patiri Théodore KANANI hamwe no kumushikiriza ubukuru bwo kurongora Paruwase. Imbere yo gusozera Inkuka ya Misa harashikirijwe utuganuke two gushigikira iyo paruwase nshasha. Eka mbere mu bukengurutsi; abakristu b'iyo paruwase bakaba barashikaniye Umwungere wa Diyoseze inyana y'inka yitwa Yamugisha.

Tubamenyeshe kandi ko iyo paruwase igize iya 18, ikaba ivyawe na Paruwase Gitwenge iri mu ntara y'ubutumwa ya Buhumuza yari imaze imyaka 70 ishinzwe.

 

Athanase NTIRUSEZERANA