INDANGURAKINTU Y'IJAMBO «UBUSHIKIRO»

Igihe c'Ubushikiro cashizweho mu kinjana ca gatanu, mu ntimatima y'ico kiringo, hakaba hiyumvirwa ukuza kw'Umukama, ukwigira umuntu kwiwe, akaza kw'isi



Ijambo «Ubushikiro», ari ryo «Avent» mu rurimi rw'igifaransa rivuye mu kilatini «Adventus» risigura «ugushika», «amaza». Mu myaka ya kera, eka mbere n'ubu, iyo haje umukuru, abantu baramwitegurira, bakaringaniza amabarabara, bagasibura imifuregi, bagatera n'ibitongati, kakaba akanyamuneza. Natwe nk'abemera turafise umukuru aheta bose, Yezu Kristu Umwana w'Imana Nzima. Turamwitegurira rero. Nk'uko ikarema idutegurira umusi mukuru wa Pasika, ni ko n'Ubushikiro budutegurira umusi mukuru wa Noheli.

IBIMENYETSO VYA LITURGIYA Y'UBUSHIKIRO

Hari ibimenyetso vya Liturgiya bijanye n'igihe c'Ubushikiro. Harabaho «Urugori rw'ubushikiro» rugizwe n'amatara ane, kuko igihe c'ubushikiro kigizwe n'idominika zine. Ku w'Imana wa mbere w'ubushikiro tuba dutanguye Umwaka mushasha wa liturujiya. Uno mwaka na wo ukaba ari Umwaka A. Itara ritangurira ayandi riratswa ku ndwi ya mbere, ku ya kabiri hakongerwako irindi, bigakurikirana ukwo, gushika ku rya kane ryatswa ku ndwi ya kane. Mu gihe c'Ubushikiro ntidusubira kuririmba «Gloria», gushika ku mugoroba urongora Noeli. «Alleluya» yoyo tuguma tuyiririmba (si nko mw'Ikarema). Ibara rya Liturujiya riba ari iry'umuyugubwe (violet).

AMAMUKO Y'UBUSHIKIRO MURI EKLEZIYA

Igihe c'Ubushikiro cashizweho mu kinjana ca gatanu, gitangujwe na Papa Gregori. Mu ntimatima y'ico kiringo, hiyumvirwa ukuza kw'Umukama, ukwigira umuntu kwiwe, akaza kw'isi. Ariko kandi, haraniyumvirwa n'ukugaruka kwiwe mu buninahazwa, aje gucira urubanza abazima n'abapfuye. No muri Liturujiya, ivyo biraheza bikaguma biboneka: mu bisomwa vyo mu Nkuru Nziza, mu ndwi za mbere barashimikira cane ku kugaruka kwa Kristu mu buninahazwa, hanyuma mu ndwi za nyuma (kuva kw'igenekerezo rya 17 Kigarama), bagashimikira ku kwigira umuntu kwa Jambo, Umwana w'Imana.

UBUSHIKIRO MU BUZIMA BW'UMUKRISTU

Ubushikiro si ukwibuka ya myaka Abanyisrayeli bamara barindiriye Umukiza, canke ukwitegurira umusi mukuru wa Noweli gusa; ni nyabuna ikiringo umuntu atumiriwe kubamwo mu buryo buboneka ko yakiriye Umukama yigize umuntu akabana natwe. Kubaho gutyo na vyo bisigura kuvavanura n'inabi yose, abantu bakabaho riho mu butungane no mu rukundo, nk'uko Kristu yabitwigishije, bakirinda ukirinda kugirira inabi umuntu n'umwe canke ukwigira sindabibazwa mu ngorane z'abandi: «Ico cose mwagiriye umwe umwe muri abo bato bato tuvukana, ni jewe mwakigiriye; ico cose mwanse kugirira umwe umwe muri abo bato bato tuvukana, ni jewe mwanse kukigirira» (Mt.25, 40-45).

Twibuke ko Jambo wa Data yigize umuntu gusa. Nta yandi mazina y'inyongera yongeyeko: nta mazina y'ubuzungu canke y'ubwirabure yigeze yiyongererako, nta y'ubuhutu, nta y'ubututsi, eka nta n'ay'ubutwa...! Jambo yigize umuntu, aza kubana natwe. Ari mu gashusho k'umuntu, kuko yamuremye amwishushanijeko. None rero, rwanya amacakubiri iyo aturuka hose (dusanzwe tuzi ko yadusinzikaje hano iwacu, n'ubu ibikomere bikaba bitarakira).

Raba neza ko agateka ka zina muntu kubahirijwe mu mutima wawe, wibuke ko Umwana w'Imana yavukanishijwe n'uwo wese mubana canke mwama muhura, eka mbere na wa wundi wama wita umwansi wawe, canke wa wundi wewe nyene wanka! Kubera urukundo n'umwizero Umukama Imana yacu yadushizemwo, yama idukebura kwama tugavye, kuko tutazi umusi n'isaha azogarukirako kutujana aho yaduteguriye (Mat.24, 42.44; Mariko.13, 33.35; Luk.21, 36).

Kristu yaraje, yama yaje, kandi agiye kuza; ingo tumusanganire. Nitumusanganire nka Izaya yahora amumenyesha; nitumusanganire nka Yohani Batista yamwerekanye nk'Umwagazi w'Imana ukura ibicumuro vy'isi, abatubona bashobore kumutubonamwo. Erega ibikorwa vyiza vyacu ni vyo ahanini bituma abantu bemera Kristu, kuko tuba tumushingiye intahe. Nitumwakire nka Bikira Mariya yamwibungenze akamushikiriza isi; ni we atarinze kuvuga ngo «Ntivyumvikana!», canke ngo «Nzokwunguka iki?», ariko akagira ati: «Jewe ndi umusavyi w'Umukama, nibimbere nk'uko ubivuze». Ng'uyo Yezu araje, musanganire.

Tubipfurije Ubushikiro bwiza mwese, n'umwaka mwiza w'ugusenga Umukama kuruta uko mwahora, n'uguhura na we!