IYUGURURWA ICESE RY'IHWANIRO RY'URWARUKA RIGIRA 13 KU RWEGO RW'IGIHUGU MURI EKLEZIYA IRI I BURUNDI, MU MWAKA W'2019

Icivugo: «Rwaruka, nimureke gufata imigenzo y'iyi si» (Abanyaroma 12, 2)

Kuva kw'itariki ya 5 gushika ku y'9 Myandagaro 2019, ku kibuga co mu Vyerwa vya Ngozi muri Diyoseze ya Ngozi hariko harabera Ihwaniro ry'urwaruka ku rwego rw'igihugu, ihwaniro ririko rirahuza urwaruka rwaserukiye urundi mu mihari n'imigwi y'ubutumwa muri Ekleziya iri i Burundi.



Ijambo ry'ukwugurura icese iryo hwaniro ryashikirijwe kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 6 Myandagaro, rikaba ryavuzwe n'Umwepiskopi ahagarariye vy'imfatakibanza Papa muri Diyoseze ya Ngozi, akongera akaba n'Umwepiskopi Mukuru wa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, Nyenicubahiro Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa, mu Nkuka ya Misa yabaye kw'isaha umunani z'umuhingamo.

Iryo hwaniro ry'urwaruka ku rwego rw'igihugu ryari ryatewe iteka kandi n'abandi banyavyubahiro batandukanye. Abo na bo ni Musenyeri Yohakimu Ntahondereye, umwepiskopi wa Diyoze ya Muyinga akaba ari n'umukuru w'Inama Nkuru y'Abepesikopi Katolika b’i Burundi; Musenyeri Buraziyo Nzeyimana umwepiskopi wa Diyoseze ya Ruyigi, hamwe n'Abepiskopi b'inararibonye, ari bo Musenyeri Evaristo Ngoyagoye yahoze aramutswa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, ubu akaba ashinzwe ubutumwa bw'abalayike mu nama y'Abepiskopi Katolika b'i Burundi na Musenyeri Stanislas Kaburungu yahoze arongoye Diyoseze ya Ngozi.

 

                   

Umusi wa mbere w'iryo hwaniro ry'urwaruka watangujwe n'ugusanganira umusalaba ku kibuga co mu Vyerwa vya Ngozi, kw'isaha zitandatu z'umutaga, urwaruka rukaba rwaje ruwukuye mw'isengero-mvyeyi y'i Ngozi. Haciye hakurikira ukwakira urwaruka rwaje ruva mu ma Diyoze yose y'igihugu c'Uburundi.

Inyuma y'ururimbo rw'amahoro n'ugusubiza hamwe, uwo mwepiskopi ahagarariye Papa muri Diyoseze ya Ngozi akaba yaciye aha ikaze abandi bepisikopi bari aho, hanyuma urwaruka na rwo.

Ibisomwa vyeranda vyasomwe mu Nkuka ya Misa vyavuye mu gitabu c'amategeko (Amategeko 11, 5b-15), be no mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nkuko yanditswe na Matayo (Mat.15, 13-21). Mu nsiguro yiwe, Nyenicubahiro Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa yabanje kumera nk'uwushimagiza ukuntu aho iryo hwaniro ry'urwaruka ryabereye hatewe iteka. Yavuze ati: «Hahora ari mu Vyerwa vya Ngozi, ubu noneho hagiye kuba mu Vyerwa vy'Imana». Naho ku bijanye n'ico bozirikana muri iyo nyigisho, ngo bofata ko urugendo ruvugwa ari urwo kuva mu buja uja ku Mana, maze araheza abasaba kugumiza umutima ku Mana, kandi ko bokwemera na ntaryo kwikorera umusalaba. Ikindi, ngo bokwirinda kwidoga no kwidodombera Imana bivuye ku bibashikira.

Ibindi bokura muri ivyo bisomwa ngo kwoba ukwiga gushima ivyo Imana yabahaye. Ngo bokwikuramwo agatima k'ukwigungirako, bakiga riho gusabikanya n'ukuba abantu b'urukundo. Ngo bokwiga gusabikanya vyose, akanyamuneza n'ingorane. Ngo boheza bagafatira akarorero kuri Bikira Mariya, we ngo yihutiye gusabikaniriza mwene wabo Elizabeti ikimuteye akanyamuneza. Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa yasozereye insiguro y'ijambo ry'Imana yifuriza urwaruka kuba abuzuye urukundo rutigungana ivyiza.

Inyuma y'inkuka ya Misa, hakurikiye amajambo y'abantu batandukanye. Aha twovuga nk'irya Buramatari w'intara ya ngozi, Albert Nduwimana, be n'iry'umuhuza w'abarundi, Eduwarudo Nduwimana, akaba ari na we yaserukiye Leta y'Uburundi. Mw'ijambo ryiwe, umuhuza w'abarundi yipfurije abari aho amahoro y'Imana mu kuvuga ko ayo abipfurije atari ayatangwa n'abari mu migambwe canke abanyepolitike, ariko ko ari ayakomoka kuri Yezu kristu.

Hasozeye ijambo rya Nyenicubahiro Musenyeri Yohakimu Ntahondereye arongeye Inama y'Abepisikopi Katolika b'i Burundi. Muri iryo jambo, akaba yakengurukiye umwepiskopi w'inararibonye w'i Bujumbura ko yemeye kugumana ibanga ry'ubutumwa bw'abalayike. Abandi yashimiye ni abasaseredoti babukurikirana mu ma Diyoseze. Mu gusozera ijambo ryiwe, akaba yagiriyeko atanga umuhezagiro, asozera atyo ibikorwa vy'umusi wa mbere.

Ku vyibonekeza, mwomenya ko urwo rwaruka rwagaragaza ko rwari rwuzuye akanyamuneza ntangere, ruvyina, rwongera rutamba, eka bikaba vyaboneka ko rwari ruhimbawe cane. Ibikorwa vy'ihwaniro ry'urwaruka ku rwego rw'igihugu rukaba tuzobandanya aho bukera, ku musi waryo ugira kabiri.


Marie Chantal NZEYIMANA, i Ngozi, mw'ihwaniro ry'urwaruka